homepageComediesintamba murugambakirundikirundi_SportsYvan muziki

Ama banki n’amashirahamwe atandukanye yaterereye intamba mu rugamba

Umugwi nserukira gihugu w’Intamba mu rugamba uguma ufatwa mumugongo.

Kuri uyu wa gatatu igenekerezo rya 15 Rusama umwaka wa 2019 isaha indwi n’igice z’umurango 13h30 ku kigo c’ishirahamwe ry’umupira w’amaguru mu Burundi FFB niho ama banki atandukanye akorera hano mu gihugu nka Bancobu hamwe na BBCI yaterera umugwi nserukira guhugu w’ intamba mu rugamba muri wa mugambi bise Dushigikire Intamba Zacu .

Eka si ama banki yonyene yaterereye Intamba mu rugamba n’amashirahamwe atandukanye nka SAVONOR, SOCABU, TELE 10 hamwe na OTB nayo ntiyasigaye inyuma yashoboye nayo nyene gutanga intererano muri uwo mugambi wo gushigikira Intamba zacu.

Mwomenya y’uko ibanki BANCOBU yatanze amafaranga imiriyoni mirongo one z’amarundi (40.000 000Fbu), SAVONOR ritanga imiriyoni icumi na zitanu (15. 000 000 Fbu), SOCABU itanga imiriyoni icumi (10 .000 000 Fbu), TELE10 nayo itanga imiriyoni zitanu (5.000 000Fbu) , BBCI itanga imiriyoni zitanu (5. 000 000Fbu) nayo ishirahamwe OTB ritanga imiriyoni zone (4.000 000Fbu).

Yose hamwe akaba ari amafaranga y’amarundi imiriyoni mirongo irindwi n’icenda (79.000 000Fbu).

Mukamenya y’uko ayo mashirahamwe aje yiyongera mu gufasha umugwi nserukira gihugu w’intamba mu rugamba inyuma y’amashirahamwe nka LUMITEL, BRARUDI hamwe na NATURA.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 884