footballintamba murugambakirundi_Sports

# Indundi Sports | Ama shirahamwe yo kuziganya no kugurana yaterereye ikibuga c’Intwari

Ikibuga citiriwe Intwara kibandanya gishigikirwa n’amashirahamwe atari make .

Kuri uyu wa gatanu igenekerezo rya 03 Ruhuhuma 2023 isaha zibiri zo mugitondo ( 8h00) niho amashirahamwe yo kuziganya no kuguranana 31 kuri 45 yaramutse aterera imiriyoni 140 z’amafaranga y’amarundi mu ntumbero yo gushigikira ikigorwa co kwubaka ikibuga c’Intwari .

 

Ndayishimiye Télésphore avugako bahisemwo gutera intege igihugu cabibarutse bivanye n’imigambi myiza kiriko kirarangura cane cane muvyo kw’ubaka amashure , hamwe n’ ibibuga vyo kwinonora imitsi harimwo ikibuga Intwari .

Honorable Réverien Ndikuriyo ahagarariye ibikorwa vy’ikibuga Intwari nawe nyene akaba yaciye aronka akaryo ko gushimira ayo mashirahamwe ko kuziganya no kuguranana kubona bitabiriye akamo katewe n’Umukuru w’igihugu yo gushigikira ico kibuga c’Intwari.

Mwomenya ko ico kibuga bitegekanijwe ko kizokwugurwa muri uno mwaka igenekerezo rya 01 Rusama 2023 umusi mukuru w’amakozi.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 315