CAN2019footballgroups-at-messageInfrastructuresInkinointamba murugambakirundi_Sportsprimus ligueSport

Arakaza Marc Arthur agiye gutunganirizwa mundwi zibiri

 

Inyuma yo kwandikira ikete ishirahamwe ritwara umupira w’amaguru kw’isi FIFA,  arega Umugwi Lusaka Dynamos wo muri Zambia y’uko wanse kumuriha amahera yiwe yari yasigaye  mw’igurwa ryiwe hamwe no kudahabwa  imishahara ya mezi atari make , Umunyegori w’intamba mu rugamba Arakaza Mac Arthur ashobora gutungarizwa mu ndwi zibiri ziri imbere ntibasanga ata mvo nimwe yatuma adahabwa amahera yiwe.

Ishirahamwe ry’umupira w’amaguru kw’isi FIFA rimaze kuronka ibirego vya Mac Arthur , ryaciye ryandikira Umugwi Lusaka Dynamos riwuha indwi zibiri gusa kugira babe bamaze gutanga imvo yatumye badahemba uyo mukinyi ndetse no kwakanka kumuha igitabo ciwe c’inzira (Passeport )  ni ukuvuga Igenekerezo rya 25 Ruheshi 2020 , niho Lusaka Dynamos isabwa kwishura iryo

Uwutwara Umugwi wa Lusaka Dynamos Hanif Adams aremera y’uko yakiriye iryo kete ariko akaba atigeze ashima kugira ico ashikirije kuri ico kibazo.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 327