abakinyi bakina hanzefootballhomepagekirundikirundi_Sports

# Indundi Sports | As Kigali ya Hussein Tchabalala yaraye itahukanye igikombe ca Super Cup

Inyuma yo gutwara igikombe c’amahoro c’umwaka uheze , umugwi As Kigali ukinamwo abasatirizi babiri b’abarundi aribo Hussein Shabani Tchabalala hamwe na Landry Ndikumana waraye utahukanye igikombe ca Super League, igikombe gihuza umugwi watwaye igikombe c’ihiganwa n’uwatwaye igikombe c’Amaharo.

Hari kuri uyu w’Imana igenekerezo rya 14 Myandagaro 2022 ku kibuga c’Inyamirambo kiri mu gisagara ca Kigali , aho umugwi As Kigali wari waramutse utana mu mitwe na APR mu rukino rwa Super Cup .

Urwo rukino rwarangiye imigwi yompi inganije 0-0 , niho guca batera za penariti umugwi As Kigali ubona kwinjiza 5 kuri 3 za APR FC igikombe iba igitahukanye.

Yaba Hussein Shabani Tchabalala canke Ndikumana Landry abo bakinyi bose barakinye urwo rukino .

What's your reaction?

Related Posts

1 of 895