abakinyi bakina hanzefootballintamba murugambakirundi_Sports

# Indundi Sports | Birangiye Ndizeye Samuel ahisemwo gukinira Uburundi gusumba Urwanda

Umukinyi w’inyuma Ndizeye Samuel aheruka guhamagarwa mu mugwi nserukira gihigu w’Urwanda mu nyuma akabura ivyangombwa , birangiye ahamagawe mu mugwi nserukira gihugu intamba mu rugamba.

 

Mu rutonde rw’abakinyi 22 umumenyereza mukuru w’Intamba mu rugamba Jimmy Ndayizeye yashize ahabona agiye gukoresha mu rukino rwa kivandimwe rugiye kubahuza na Côté d’Ivoire igenekerezo rya 16 Munyonyo 2022, izina rya Ndizeye Samuel turisangamwo .

Samuel Ndizeye akaba asanzwe yavukiye mu gihugu c’Uburundi akaba afise umuvyeyi umwe w’Umunyarwanda hamwe n’uwundi w’umurundi.

Samuel yatanguye gukinira umugwi Rayon Sports kuva mu mwaka w’i 2019 inyuma yo kuva mu mugwi Vital’o Fc .

 

Mukibukako uwo mukinyi yigeze gukinira  umugwi nserukira gihugu w’intamba mu rugamba w’abatarenza imyaka 20

 

Mwomenyako Samuel Ndizeye ari umwe mu bakinyi ba Rayon Sports bama batanguzwa mu kibuga , mbere akaba ari nawe ari icegera ca kizigenza w’umugwi Rayon Sports .

 

What's your reaction?

Related Posts

1 of 321