CAN2019groups-at-messageInfrastructuresInkinointamba murugambakirundi_Sportsprimus ligueprimusic-burundiSport

Blaise Yafashije gushikana Namungo muri Demi -Finale

Kuri uwu wa Kabiri w’igenekerezo rya 30 Ruheshi 2020, niho umugwi Namungo Fc ukinamwo abarundi nka Steeve Nzigamasabo hamwe na Blaise Bigirimana wakira  Alliance mu rukino rw’igice ca Kane gishira icanyuma c’igikombe citiriwe Azam Sports Federetion Cup . urwo rukino rukaba rwararangiye Namungo Fc wirahiye Alliance ibitsindo 2-0.

Bigirimana Blaise akaba yafashije gushikana Namungo Fc mu rukino rw’igice ca kabiri gishira icanyuma c’ico gikombe ca Azam Sports Federation Cup , kuko niwe yatsinze igitsindo ca mbere ca Namungo Ku munota wa 42 w’urukino mugihe ica kabiri cinjijwe na Makanga Ku munota wa 84 .

Namungo Fc ikaba yaciye ija mu gice ca kabiri gishira icanyuma c’igikombe ca Azam Sports Federation Cup .

Mwomenya ko uwuzotwara ico gikombe ariwe azoca aserukira igihugu ca Tanzania mu nkino za CAF Conféderation cup.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 308