homepagekirundikirundi_Sports

BMA Award : Intamba mu rugamba zaraye zironse agashimwe kadasanzwe

Umugwi nserukiragihugu w’intamba mu rugamba waraye uronkejwe agashimwe kubw’iteka bateye igihugu mu kugiserukira ubwa mbere mu mahiganwa ya CAN 2019 ariko abera mu Misiri.

Kuri uyu wa Mungu uheze igenekerezo rya 07 Mukakaro umwaka wa 2019 igihe c’isaha imwe y’ijoro 19h00 ku kigo ndagamico c’abafaransa niho hatangwa ubushimwe butandukanye ku baririmvyi bitwaye neza mu mwaka wa 2018 ndetse na bamwe mu bantu bateye iteka gihugu harimwo n’umugwi nserukira gihugu w’intamba mu rugamba.

Agashimwe k’intamba mu rugamba kaka kashikirijwe abakinyi b’intamba mu rugamba aribo Nsabiyimva Fréderic asanzwe ari icegera ca gatatu mu ntamba mu rugamba hamwe na Elvis Kamsoba.

Mukamenya y’uko ubwo bushimwe bwitiriwe Buja Music Award ( BMA) ko bwatunganijwe na bamwe mu barundi baba muri Australia bafadikanije na bamwe mu barundi baba hano mu gihugu. Intamba mu rugamba zikaba zaronkejwe agashimwe bise Special Honors.

 

What's your reaction?

Related Posts

1 of 871