Entertainmenthomepagekirundi

Vg Wawa yoba yamaze kwinjira muri Label ya Bantu Bwoy

Inyuma yigihe gitoyi umuririmvyi Vg Wawa asohoye indirimbo ihayagiza umurwi nserukiragihugu Intamba mu Rugamba agiye kuzana iyindi ndirimbo nk’uko biboneka bayikoranye na Double Jay muri Bantu Bwoy.

“Ntunje kure” akaba ariryo zina ry’ururirimbo rugiye gusohoka nk’inyuma y’indwi zibiri ziri imbere ariko iyondirimbo ngo ikazosohokana na bimwe bita amasanamu. Indundi Magazine yagerageje kwegera Vg Wawa imubaza aho iciyumviro c’ugukorana na Double Jay cavuye akaba yishuye ko ugukorana na Double Jay bitari ku rutonde ahubwo ko bari gukorana na Big Fizzo ariko ntivyaba bigikuze kukubera urugendo yaciye afata aja hanze y’igihugu iyo ndirimbo aca ahitamwo kuyikorana na Double Jay kubera ariwe yari hafi ariko ngo naho vyagenze uko indirimbo yiwe na Big Fizzo izotegerezwa kuboneka mu misi ya vuba.

Mwomenya y’uko iyo ndirimbo ngo izozanana n’amasama vyose bikorerwe mu nzu y’ubuhinyanyunzi Bantu Bwoy, aho ni inyuma y’aho uwo musore azwi kw’izina rya Vg Wawa aviriye muri Label ya Kim Frans record agatangura kwikorana.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 754