kirundi_Sports

#Indundi Sports| Boxe: Ornella Havyarimana yaraye atsinzwe mu rukino rwa nyuma

Umurundikazi akina boxe Ornella Havyarimana ntiyaraye yorohewe mu rukino rwan muri rya higanwa rya boxe ryari rimaze imisi ririko ribera muri Mozambique.

Hari kuri uyu wa gatandatu uheze igenekerezo rya 17 Nyakanga 2022 mu gihugu ca Mozambique muri rya higanwa rya boxe rihuza ibihugu vyose vyo muri Africa, aho umurundikazi Ornella Havyarimana yakinye rwa rukino rwan rwamuhuje na wa munya Cameroun kazi Reine Laure Ngoume mu batarenza ibiro 52. Ornella ntiyorewe kuko yatakaje urwo rukino.

Mwomenya ko uwo murundikazi yaciye atahana ikibanza ca kabiri abona kuronka ibahasha ry’ibihumbi 5 vy’amadorare y’amanyamerika.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 275