homepageComediesintamba murugambakirundikirundi_SportsYvan muziki

Brarudi ryaterereye imiriyoni 35 z’amarundi umugwi w’intamba mu rugamba

Inyuma yo gufata mu mugongo ihiganwa rya Primus league ishirahamwe Brarudi ryasubiye kandi gufata mu mugongo umugwi w’ Intamba mu rugamba .

Hari mu gatondo ko kumusi wa gatandatu w’indwi iheze igenekerezo rya 04 Rusama umwaka wa 2019 , i Gitega Ku murwa mukuru wa Poritike aho ishirahamwe Brarudi risanzwe rihingura ibinyobwa mu Burundi ryashira umukono ku masezerano yo guterera imiriyoni 35 z’amarundi n’ishirahamwe ry’Umupira w’amaguru mu Burundi FFB rirongowe na Honorable Reveriyano Ndikuriyo .

Intamba mu rugamba zikaba zahawe ayo mahera kugira zirabe y’uko zokwitegurira neza ihiganwa rya CAN 2019 rigiye kubera mu gihugu ca Egypte mu kwezi kuza kwa Ruheshi.

Intamba mu rugamba zikaba zizotangura imyimenyerezo mu mpera z’uku kwezi kwa Rusama umwaka wa 2019.

Mukamenya y’uko atari iryo shirahamwe gusa rya Brarudi rimaze guterera umugwi w’intamba mu rugamba hari n’ayandi mashirahamwe yipfuza gushigikira uyo mugwi w’intamba mu rugamba wamaze kwandikisha amateka adasanzwe mu kwironkera itike ryo kwitabira igikombe ca CAN 2019 kuva Uburundi bwikukiye

What's your reaction?

Related Posts

1 of 884