abakinyi bakina hanzefootballintamba murugambakirundi_Sports

# Indundi Sports| Breaking News :FFB igiye kuza ifatira ibihano abatazoba bitabira inkino z’Intamba mu rugamba

 

Amakuru dukesha  umumenyeshamakuru mugenzi wacu Achel Niyongere akorera i radio y’igihugu ( RTNB) yajanye  n’umurwi nserukira gihugu  muri Indonésie avuga ko haraye havuzwe vyinshi mu murwi nserukira gihugu Intamba mu rugamba .

Bivanye n’inyifato zitabereye abakinyi bamwe bamwe b’Intamba mu rugamba bahora bagira, kuri iyo nvo hagiye gushigwaho Règlement d’Ordre intérieur mu murwi nserukira gihugu Intamba mu rugamba .

Ibintu bikuru bikuru bigiye gusezererwa mu murwi nserukira gihigu Intamba mu rugamba bikaba ari ibi bikurikira :

– Nta mukinyi n’umwe w’Intamba mu rugamba azotumwako gukinira igihugu ngo ace akina urukino rumwe gusa, hateguwe inkino zibiri uhamagawe ukina zose

– Nta mukinyi n’umwe w’Intamba mu rugamba azova mu murwi wiwe ashitse i Bujumbura akabanza kuja muhira hanyuma akaja mu mw’iherero ( Local) amasaha yishakiye.

– Umukinyi aje ava mu murwi wiwe kirazira ko umuryango wiwe uja kumutora kubera ko azoba aje mu Ntamba mu rugamba ni FFB yo nyene izoja kumutora .

– Guhamagarwa mu ntamba mu rugamba ntiwitabe birahanwa (Umukinyi azohamagarwa amaze kuvugana n’umumenyereza hamwe na Manager kuko bazomushira  ku rutonde bamaze kuvugana ).

Hari n’ibindi vyinshi bizoba birimwo muri ayo mategeko .

NB : Ayo mategeko akaba yitezwe gushirwako umukono ku musi wa kabiri uza igenekerezo rya 04 Ndamukiza 2023 inyuma ya Comité y’inama inshingwabikorwa ya FFB mu nyuma bace bayiha abankinyi hamwe n’abamenyeshamakuru.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 321