Amakuru dukesha umumenyeshamakuru mugenzi wacu Achel Niyongere akorera i radio y’igihugu ( RTNB) yajanye n’umurwi nserukira gihugu muri Indonésie avuga ko haraye havuzwe vyinshi mu murwi nserukira gihugu Intamba mu rugamba .
Bivanye n’inyifato zitabereye abakinyi bamwe bamwe b’Intamba mu rugamba bahora bagira, kuri iyo nvo hagiye gushigwaho Règlement d’Ordre intérieur mu murwi nserukira gihugu Intamba mu rugamba .
Ibintu bikuru bikuru bigiye gusezererwa mu murwi nserukira gihigu Intamba mu rugamba bikaba ari ibi bikurikira :
– Nta mukinyi n’umwe w’Intamba mu rugamba azotumwako gukinira igihugu ngo ace akina urukino rumwe gusa, hateguwe inkino zibiri uhamagawe ukina zose
– Nta mukinyi n’umwe w’Intamba mu rugamba azova mu murwi wiwe ashitse i Bujumbura akabanza kuja muhira hanyuma akaja mu mw’iherero ( Local) amasaha yishakiye.
– Umukinyi aje ava mu murwi wiwe kirazira ko umuryango wiwe uja kumutora kubera ko azoba aje mu Ntamba mu rugamba ni FFB yo nyene izoja kumutora .
– Guhamagarwa mu ntamba mu rugamba ntiwitabe birahanwa (Umukinyi azohamagarwa amaze kuvugana n’umumenyereza hamwe na Manager kuko bazomushira ku rutonde bamaze kuvugana ).
Hari n’ibindi vyinshi bizoba birimwo muri ayo mategeko .
NB : Ayo mategeko akaba yitezwe gushirwako umukono ku musi wa kabiri uza igenekerezo rya 04 Ndamukiza 2023 inyuma ya Comité y’inama inshingwabikorwa ya FFB mu nyuma bace bayiha abankinyi hamwe n’abamenyeshamakuru.