Umurwi nserukira gihugu Intamba w’abatarenza imyaka 23 ugiye kwerekeza i Jakarta muri Indonésie .
Mu ntumbero yo kwitegurira inkino z’igikombe c’Isi c’abatarenza imyaka 20 kizobera i Jakarta muri Indonésie , igihugu ca Indonésie cahisemwo gutegura ihiganwa rizohuza ibihugu 4 , ni ukuvuga Uburundi , Indonésie, Thailande hamwe na Japon.
Bidahindutse umurwi nserukira gihugu uzofata urugendo kw’igenekerezo rya 07 Ndamukiza 2023 .
Mwomenya ko Intamba z’abakuze ( Senior) zimaze imisi ziri mu gihigu ca Indonésie mu ntumbero yo gukina inkino zibiri za kivandimwe , aho urukino rwa mbere Indonésie yatsinze Uburundi ibitsindo 3-1 , mugihe urwo gusubiriza ruza kuba kuri uyu wa kabiri igenekerezo rya 28 Ntwarante 2023 Isaha Icenda n’igice 15h 30 .