abakinyi bakina hanzefootballintamba murugambakirundi_Sportsprimus ligue

# Indundi Sports | Bumamuru Fc yagirizwa amanyanga kuri Patrick Kanianga

Umurwi Bumamuru Fc washoboye kwagirizwa amanyanga n’ishirahamwe ry’umupira w’amaguru mu Burundi FFB mu gutanga urupapuro rwerekana amagara y’umukinyi ( TMS) ibipimo bisanzwe bikorwa n’igisata kijejwe amagara muri FFB .

 

Mu rwandiko rwasohowe kuri uwu wa gatatu igenekerezo rya 1 Ruhuhuma 2023 berekanye ko umurwi Bumamuru Fc watanze urupapuro rwerekana amagara y’umukinyi Patrick Banza Kanianga kw’igenekerezo rya 19 Nzero 2023 mugihe uwo mukinyi atari bwashike no mu gihugu c’Uburundi ivyatumye bakurayo Idosiye yiwe . muri urwo rupapuro bavuga kandi ko Kanianga yakorewe ibipimo nyezina igenekerezo rya 31 Nzero 2023 ari nawe yahawe ibipimo vy’amagara yiwe .

Mu kurangiza uburongozi bw’igisata c’amagara y’abakinyi mw’ishirahamwe ry’umupira w’amaguru mu Burundi FFB bwasavye ko hokorwa amatohoza bakamenya uwakoze ayo manyanga .

Mwomenyako Patrick Kanianga yahora akina mu cicaro ca kabiri mu gihugu ca Turquie mu murwi witwa Sakaryasport.

 

What's your reaction?

Related Posts

1 of 321