abakinyi bakina hanzefootballintamba murugambakirundi_Sports

# Indundi Sports | Bumamuru Fc yatakaje Shassir Nahimana

Umurwi wa Bumamuru Fc ugiye gutakaza umusatirizi wabo akomeye Shassir Nahimana .

Uwo mukinyi akaba yaguzwe n’umurwi wa Bandari Fc ukina mu cicaro ca mbere mu gihugu ca Kenya .

Akaba yemeranije n’uwo murwi amasezerano yo kuwukinira mu kiringo c’imyaka 2 .

Uwo mukinyi kuva ku musi wa kabiri igenekerezo rya 07 Ntwarante 2023 ntiyashoboye kuboneka mu myimenyerezo y’umurwi nserukira gihigu Intamba mu rugamba .

Akaba yafashe indege imushikana mu gihugu ca Kenya kurangizanya na Bandari Fc kuri uyu wa kane igenekerezo rya 09 Ntwarante 2023 .

Avuye muri Bumamuru Fc ari kw’isonga ry’abafise ibitsindo vyinshi muri Primus League Burundi y’umwaka wa 2023 , aho angana ibitsindo na Jean Claude Girumugisha wa Magara Young Boys nawe nyene afise ibitsindo 13.

Mwomenya ko Bandari Fc yigeze gukinamwo umunyegori w’Intamba mu rugamba Justin Ndikumana muri kino gihe ari mu murwi wa Costal Union wo mu gihugu ca Tanzania .

What's your reaction?

Related Posts

1 of 321