abakinyi bakina hanzehomepageIKIRUNDI_newsInkinokirundikirundi_Sports

Indundi Sports : CAF yahagaritse igihugu ca Kenya mu nkino zo kurondera itike rya CAN2023

Ishirahamwe ry’umupira w’amaguru muri Africa CAF rihejeje guhagarika umugwi nserukira gihugu wa Kenya mu nkino zo gukurakuranamwo zo kuronderwa itike yo kwitabira inkino za nyuma za CAN 2023.

Impamvu n’uko ubushikiranganji bw’inkino bwahagaritse uwutwara ishirahamwe ry’umupira w’amaguru muri Kenya bubona kumusubiriza n’uwundi bidaciye mu mategeko.

Ivyo CAF na FIFA yaravyanse ibona gusaba Ubushikiranganji bw’inkino muri Kenya gusubiza mu mabanga uwahora atwara iryo shirahamwe ry’umupira w’amaguru biciye mu mategeko Doris Petra. Gushika ubu kenya ntiyari bwakore ivyo yasabwe na CAF na FIFA niho guca hafatwa ingingo y’uko igihugu ca Kenya gifatirwa ibihano mu nkino zo kurondera itike rya CAN .

Kenya ikaba yari mw’itsinda C iri kumwe n’Uburundi , Namibie hamwe na Cameroun.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 888