footballgroups-membership-request-accepted-by-adminhomepageintamba murugambakirundikirundi_Sports

CAF yahanye Uburundi na Mauritania

Kuri uyu wa gatatu igenekerezo rya 09 Kigarama 2020, niho ishirahamwe ritwara umupira w’amaguru muri Africa CAF ryafatira ibihano igihugu c’Uburundi hamwe na Mauritania.

Uburundi bwaciriwe ihadabu ry’amadorari y’amanyamerika ibihumbi 10,000 $ bivanye n’uko ishirahamwe ry’umupira w’amaguru mu Burundi FFB ritakurikije igitigiri c’abarorerezi binjijwe ku kibuga c’intwari mu rukino rwahuje Intamba mu Rugamba na Mauritania mu kwezi kwa Munyonyo igenekerezo rya 15 umwaka 2020 CAF ivuga y’uko Uburundi bwarengeja igitigiri c’abantu ibihumbi 5000 yari yemereye y’uko binjira muri urwo rukino , ndetse n’abantu binjiye ntibigeze bakurikiza amategeko ya Covid -19 harimwo no kutambara udufukamunwa.

Mauritania nayo nyene yahanishijwe ihadabu ry’amadorari ibihumbi 10,000$ na CAF kubera imyitwarire mibi y’abarorerezi bayo, abakinyi ndetse n’abamenyereza mu rukino rwo gutangura rwahuje Mauritania n’Uburundi rwabaye igenekerezo rya 11 Munyonyo 2020.

Mwomenya y’uko mu nkino zibiri Intamba mu rugamba yahuye na Mauritania yaronse amanota 4 , urukino rwa mbere banganyije igitsindo 1-1 , mugihe urwo gusubiriza rwabereye i Bijumbura Intamba zatsinze Mauritania ibitsindo 3-1.

 

What's your reaction?

Related Posts

1 of 892