abakinyi bakina hanzefootballintamba murugambakirundi_Sports

#Indundi Sports| Caleb yaraye asubiriye kuvyitwaramwo neza

Inyuma yo gutsinda ibitsindo bibiri ubuheruka, umusatirizi w’intamba mu rugamba Bimenyimana Bon Fils Caleb yasubiye kandi kuvyitwaramwo neza.

Hari kuri uyu wa gatatu waraye uheze igenekerezo rya 05 Gitugutu 2022, aho umugwi Kaizer Chiefs usanzwe ukinamwo umusatirizi w’intamba mu rugamba wari uramutse wakira umugwi Swallows mu rukino rw’indwi igira 9 rw’ihiganwa ryo muri Africa y’epfo ( PSL), urwo rukino rwarangiye Kaizer Chiefs yirahiye Swallows ibitsindo 2-1.

Bimenyimana Caleb niwe yinjije igitsindo ca mbere ca Kizer Chiefs ku munota wa 35 w’urukino bica bituma uwo mukinyi akwiza ibitsindo 3 mu nkino 5 amaze gukina muri iryo higanwa.

Urugero Caleb agezeko rushobora kugira ico rufashije umugwi nserukira gihugu Intamba mu rugamba mu nkino zo kurondera itike yo kwitabira inkino za CAN.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 321