DiasporahomepageJusticekirundikirundi_SportsMédiasWorld News

CAN2019 : Intamba mu rugamba zashitse i Doha amarame

Umugwi nserukira gihugu w’intamba mu rugamba wamaze gushika i Doha mu gihugu ca Qatar.

Inyuma yo gufata indege berekeza i Doha mu gihugu ca Qatar kuri uyu wa Mungu waraye uheze igenekerezo rya 02 Ruheshi umwaka wa 2019 isaha umunani n’igice z’umuhingamo, intamba mu rugamba mugatondo ko kuri uyu wa mbere igenekerezo rya 03 Ruheshi umwaka wa 2019 niho zashika impundu amarembe.

Intumbero nyamukuru yo kuja mu gihugu ca Qatar ikaba ari ukwitegurira neza inkino za CAN 2019 mbere no gukina urukino rwa kivandimwe n’umugwi wa Algeria ruzoba kuwa 11 Ruheshi.

Inyuma y’urwo rukino rwa kivandimwe intamba zizokina na Algeria zizoca zerekeza mu gihugu ca Tunisie zihakineyo urundi rukino rwa kivandimwe n’umugwi nserukira gihugu wa Tunusia igenekerezo rya 16 hanyuma zice zibona kwerekeza mu gihugu ca Egypte mu mahiganwa ya CAN 2019.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 875