abakinyi bakina hanzeintamba murugambakirundi_Sports

# Indundi Sports | Danny Ndikumana yoba yahisemwo gukinira Urwanda?

 

Naho Ishirahamwe ry’umupira w’amaguru mu Burundi FFB ryari yanse gutanga umukinyi Danny Ndikumana ku Rwanda , uwo mukinyi yabonetse ubwa mbere mu myimenyerezo y’umurwi nserukira gihugu w’Urwanda .

Ishirahamwe ry’umupira w’amaguru mu Rwanda niryo ryabanje kwandikira Ishirahamwe ry’umupira w’amaguru mu Burundi riyisaba ko umukinyi Ndikumana Danny yahora akinira Rukinzo Fc yokinira umurwi nserukira gihugu wabo Amavubi mu rukino bimirije gukina n’igihugu ca Mozambique ruzoba igenekerezo rya 18 Ruheshi 2023 .

Mu nyuma yaho Ishirahamwe ry’umupira w’amaguru mu Burundu FFB , ryaciye ryishura ko bitokunda kuko amaze gutumwako mu murwi nserukira gihugu Intamba mu rugamba w’abatarenza imyaka 23, kandi avuga ko bavyeyi bose b’Abarundi .

Naho ishirahamwe ry’umupira w’amaguru mu Burundi FFB ryanse kumutanga uwo mukinyi yaciye ahitamwo kwerekeza mu gihugu c’Urwanda yitabira n’imyimenyerezo ya mbere y’uwo murwi .

Bikavurwa ko Urwanda ni gwihenda ruganikisha uwo mukinyi butahawe uruhusha n’Uburundi, uwo murwi woca uhanishwa impaga bivanye n’uko
uwo mukinyi yavukiye i Burundi kandi muri FIFA Connect yanditswe nk’umurundi .

Mwomenya ko Danny Ndikumana yatanguye kuboneka mu nkino z’igiporisi zari zimaze imisi zibera mu gihugu c’Urwanda mu mezi aheze .

What's your reaction?

Related Posts

1 of 303