DiasporaDiaspora Organizationsdiaspora promotedfootballkirundi_Sports

# Indundi Sports | Dr Maronko Boniface yashiriye imfashanyo Academy Wembo Sutche

 

Ugukunda igihugu ciwe camwibarutse ndetse no gukunda inkino nivyo vyatumye Muganga Maronko Boniface  aha imfashanyo Academy Wembo Sutche.

kuri uyu wa kane igenekerezo rya 04 Ntwarante umwaka wa 2021, Isaha icenda 15h00 z’umuhingamo ku kibuga gisanzwe gikoreramwo imyimenyerezo Umugwi Rukinzo Fc bita Camp Muha , niho Umurundi w’imutima Muganga Maronko Boniface  akorera mu gihugu ca Madagascar yashira imfashanyo ijanye n’ Imyambaro y’imipira , amabutura hamwe n’amasogisi , Academy Wembo Sutche isanzwe ari iy’umukinyi wa kera w’intamba mu rugamba Wembo Sutche benshi bita Atuga.

 

Dr Maronko ntiyasivye gutera akamo abandi barundi bari hanze y’igihugu canke mu gihugu ko nabo nyene babishoboye bogira ico bafashije urwaruka rw’umupira w’iburundi mu kubazanira imfashanyo zitandukanye.

Mwomenya y’uko Maronko Boniface yigeze gukora mu gisata kijanye n’ubuvuzi mw’mishirahamwe ry’umupira w’amaguru mu Burundi FFB, akaba asanzwe ari n’icegera c’umunyamabanga mukuru wa CNO ( Comite National Olympic).

 

 

What's your reaction?

Related Posts

1 of 352