abakinyi bakina hanzefootballintamba murugambakirundi_Sports

# Indundi Sports | Etienne Ndayiragije yavuze impamvu atatumyeko Girumugisha J .Claude kandi afise ibitsindo vyinshi

 

Umumenyereza w’umurwi nserukira gihigu Intamba mu rugamba Etienne Ndayiragije yaraye atumyeko abakinyi 28 bakina hano iwacu mu ntumbero yo kwitegurira inkino zibiri za kivandimwe n’igihugu ca Kenya kuma genekerezo ya 25 na 28 Ntwarante 2023 hamwe no kwitegurira inkino zo kurondera itike ry’abakinyi bakina mu bihugu vyabo ( CHAN) .

Abo bakinyi bazoza baragira imyimenyerezo imisi yose ya mbere uhereye kuri uyu wa mbere igenekerezo rya 06 Ntwarante 2023 kuri Centre Téchnique National.

Muri urwo rutonde habuzemwo umwe mu bakinyi bafise ibitsindo vyinshi muri Primus League asanzwe akina muri Magara Young Boys 12, Girumugisha Jean Claude akaba afise ibitsindo 12.

 

Indundi Sports twegereye Etienne Ndayiragije tumubaza impamvu atatumiye Girumugisha Jean Claude mugihe asanzwe ari mu bafise ibitsindo vyinshi , akaba yatwishuye ko azomutumako mu murwi nserukira gihigu w’abatarenza imyaka 20 mu rukino rwa kivandimwe ruzobahuza na Kenya ruheze .

Akaba yagize ati’’ uwo musore nzomuhamagara mu Ntamba z’abatarenza imyaka 20 tuvuye muri Kenya , naramubonye ndamuzi cane siwe wenyene hari n’abandi ntatumyeko harimwo nabo muri Tigre Noir ‘’

 

Abakinyi batumweko akaba ari aba bakurikira:

1) Rukundo Onesime ( Le Messagee Ngozi)
2) Ntibahezwa Dieudonnée ( Flambeau du Centre )
3) Ndizeye Aimé Fales ( Aigle Noir Cs )
4) Ndikuriyo Patient ( Bumamuru Fc)
5) Harerimana Rashid Leon ( Bumamuru Fc)
6) Bizimana Kelvin ( Aigle Noir Cs )
7) Dash Ndingamossi Rachimane ( Aigle Noir Cs)
8) Niyer Japhet ( Flambeau du Centre)
9) Muhindo Collin ( Aigle Noir Cs )
10) Dushime Olivier ( Flambeau du Centre )
11) Hakizimana Issa ( Bumamuru Fc)
12) Ragiryimana Avrard ( Aigle Noir Cs )
13) Madjaliwa Moussa Aruna ( Bumamuru Fc )
14) Niyonizeye Fred ( Bumamuru Fc )
15) Bazombwa Kilongozi Richard ( Bumamuru Fc )
16) Tuyihimbaze Gilbert ( Flambeau du Centre)
17) Bishaza Neddy Chris ( Vital’o Fc)
18) Muderi Akbar ( Messager Ngozi )
19) Nkurunziza Alfred ( Bumamuru Fc )
20) Vyamungu Raoul ( Messager Ngozi)
21) Nahimana Shassir ( Bumamuru Fc )
22) Ndikumana Asman ( Aigle Noir Cs )
23) Kanianga Patrick Banza ( Bumamuru Fc )
24) Mangubu Pepe Munyampara ( Bumamuru Fc)
25) Bukuru Pascal ( Vital’o Fc)
26) Gakiza Aimé Nyandwi ( Flambeau du Centre )
27) Nsabimana Issa Hubert ( Musongati Fc )

What's your reaction?

Related Posts

1 of 321