abakinyi bakina hanzefootballintamba murugambakirundi_Sports

# Indundi Sports | FFB ngo nta na kimwe izi cerekeye igarukanwa rya Adel Amrouch

Ishirahamwe ry’umupira w’amaguru mu Burundi FFB rirahakana amakuru aguma acanacanako ku mbuga ngurukanabumenyi zitandukanye mu kuvuga ko uwahoze amenyereza umugwi nserukira gihugu intamba mu rugamba mu myaka 15 iheze umubirigi yamuka muri Algeria Adel Amrouch yoba agiye gusubira kumenyereza umugwi nserukira gihugu intamba mu rugamba .

Mu kiyago gito indundi Sports yagiranye n’uwurongoye ishirahamwe ry’umupira w’amaguru mu Burundi FFB, Général de Brigade de Police Muyenge Alexandre wewe avuga ko ivyerekeye igarukanwa rya Adel Amrouch mu mugwi nserukira gihigu intamba mu rugamba ataco ariziko.

Adel Amrouch akaba yaramenyereje imigwi nserukira ibihugu vya Kenya , Yemen , Burundi , Botswana , Libye hamwe USM Alger , muri kino gihe asanzwe akorera imboneshakure yo mu gihigu ca Qatar bita BeIN Sport nk’umusesanguzi ( Consultant).

 

 

What's your reaction?

Related Posts

1 of 321