footballintamba murugambakirundi_Sports

# Indundi Sports | FFB yatanze imfashanyo ku migwi 16 y’abana batarenza imyaka 15 bashitse mu gice 1/4 gishira icanyuma

Uwurongoye Ishirahamwe ry’umupira w’amaguru mu Burundi Général de Brigade de Police Muyenge Alexandre yaraye atanze ibikoresho bijanye n’umupira w’amaguru ku mirwi y’amashure 16 yashitse mu gice ca 1/4 gishira icanyuma mw’ihiganwa ryitiriwe umwizero mu bana batarenza imyaka 15 mu bahungu no mubakobwa .

Ivyo bikoresho akaba yaraye abitangiye ku kibuga c’ubuhinga ( CTN) kiri mu Ngagara .

Général Muyenge Alexandre arongoye FFB akaba yavuze ko imigwi izoba iyambere izoca iserukira Uburundu mu karere ka Cecafa mu Buganda muri Kigarama 2022.

yasubiye kandi yemera kuzobandanya afasha mu bijanye n’imyiteguro no kubaronderera impapuro z’inzira abazoserukira Uburundi .

Ivyo bikoresho FFB ikaba ibikesha ishirahamwe ry’umupira w’amaguru ryo muri Africa biciye muri Fondation Motsepe Arongoye CAF .

Mwomenya ko ivyo vyari mu migambi Muyenge Alexandre ashitseko muyo yari yashize imbere igihe yarariko yiyamamaze kugira atorwe kuzorongora ishirahamwe ry’umupira w’amaguru mu Burundi .

 

 

 

What's your reaction?

Related Posts

1 of 315