footballhomepageintamba murugambakirundikirundi_Sports

Football : Saido Ntibazonkiza yagarukanwe mu ntamba

Mu gihe muri kuno kwezi Uburundi bugiye gutana mu mitwe na Mauritania mu nkino zibiri, ishirahamwe ry’umupira w’amaguru mu Burundi ryarasohoye ikete ko ata mukinyi n’umwe akiri mu bihano, vyumvikana ko Saido Ntibazonkiza na bagenziwe bahariwe , iyo ngingo ya FFB yerekana ko na Yamin Selemani bitobuza ko atumwako mu gihe umumenyereza Alain Olivier Niyungeko yobishaka.

Inyuma y’imyaka itanu Saido Ntibazonkiza adatumwako mu mirwi nserukiragihugu intamba mu rugamba, biranurwanurwa ko uwo mukinyi akundwa cane n’abarundi yoba agiye kuzoboneka mu nkino zibiri zimirije i Nouakchott kw’igenekerezo rya 25 Ntwarante 2020 hamwe n’urwo gusubiriza rutegekanijwe inyuma y’imisi ine i Bujumbura kuri Stade Intwari kw’igenekerezo rya 29 Ntwarante 2020.

Igaruka rya kizigenza wa Vitalo Fc Saido Ntibazonkiza ryoba ryagarukanye umwimbu muri uyo murwi ubarizwa mu kibanza ca 3 mw’ihiganwa ry’igihugu Primus Ligue. Abasesanguzi bakemeza ko uruhara rwiwe ari ntangere kuko kuva awugarutsemwo mu gice ca kabiri c’ihiganwa (phase retour), umurwi wa Vitalo Fc amaze kuwutsindira ibitsindo bishika kuri 4 akayiha intsinzi 6 , bakanganya kabiri mbere bakaba bamaze gutsindwa rimwe na Kayanza united ibitsindo 2.

Mu rukino ruheruka i Makamba kw’igenekerezo rya 8 Ntwarante 2020 umurwi wa Vitalo Fc wari wagendeye Aigle noir ya Narcisse Masudi bakaba baranganije kimwe ku l’info, igitsindo ca Vitalo Fc kikaba cinjijwe na Saido Ntibazonkiza.

Kuri urwo rukino uyo mukinyi yigenze kuba ari kizigenza mu murwi nserukiragihugu akaba yaboneyeho akaryo ko kuramukanya n’uwurongoye ishirahamwe ry’umupira w’amaguru mu Burundi Honorable Réverien Ndikuriyo.

Mwomenya yuko Saido Ntibazonkiza yari ku rutonde rw’abakinyi bahanwe na FFB ku makosa yabereye muri Ile de Maurice akaba yarikumwe na murumunawe akinira Namungo Fc muri Tanzania Styves Nzigamasabo na Emery Nimubona batazira Kadogo.

Indundi sports ibipfurije igaruka ryiza mu murwi nserukiragihugu.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 891