footballkirundi_Sportsprimus ligue

# Indundi Sports | Haraye habaye ibisikanya hagati ya Evariste Mukurarinda hamwe na Jamal Seif muri Vital’o Fc

Inyuma y’imyaka ibiri arongoye umurwi Vital’o Fc, Evariste Mukurarinda yabisikanije n’uwumusubiriye Djamal Seif .

Hari kuri uyu wa kabiri waraye uheze igenekerezo rya 07 Ruheshi 2023 , niho haba kubisikanya hagati y’uwahoze arongoye umurwi w’umupira w’amaguru wa Vital’o Fc hamwe na Djamal  Seif agiye kumusubirira .

Mukurarinda Evariste yari asanzwe arongoye uwo murwi yavuze y’uko amusigiye umurwi , ibikoresho bitandukanye harimwo imipira , ama kona , imyambaro y’abakinyi n’ibindi bikoresho vyankenerwa vy’imyimenyerezo.

Evariste Mukurarinda avuga y’uko ivyagiye birabagora mu rugendo rwiwe muri Vital’o Fc ni indeni ry’abakinyi ry’ ukwezi kwa Rusama 2023 , aho abakinyi batigeze bahembwa bivanye n’uko yariko yiruka kugira arabe y’uko umurwi wa Vital’o Fc wovyitwaramwo meza mu nkino z’igikombe c’Umukuru w’Igihugu .

Akaba yarangije avuga y’uko mu Miriyoni 20 z’amarundi bazohabwa ma FFB bazokuramwo imiriyoni 6 bahembe abakinyi bamaranye ihiganwa .

Mwomenyako mu ntwaro ya Evariste Mukurarinda , umurwi wa Vital’o Fc warangije ihiganwa uri mu kibanza ca 4 , mbere urangiza n’igikombe c’Umukuru w’Igihugu ufashe ikibanza ca 3 .

What's your reaction?

Related Posts

1 of 315