abakinyi bakina hanzefootballhomepageintamba murugambakirundi_Sports

# Indundi Sports | Nsabiyumva Frédéric yatumweko mu murwi nserukira gihugu w’Intamba mu rugamba

Myugariro w’Intamba mu rugamba Frédéric Nsabiyumva yatumweko mu murwi nserukira gihigu w’ Uburundi Intamba mu rugamba ugiye gutana mu mitwe n’umugwi nserukira gihugu wa Namibie mu rukino rwo kurondera itike ryo kwitabira CAN 2024 izobera muri Côté d’Ivoire .

Biravurwa ko kudatumwako kwuwo mu kinyi mu murwi nserukira gihugu w’Intamba mu rugamba vyatumwe n’uko atari yitabiriye inkino zibiri za kivandimwe zahuje Uburundi na Indonésie mu ntango zo muri uno mwaka wa 2023 ,  Frédéric akaba yari yasiguye ko bitokunda ko  aza gukina izo nkino bivanye n’uko yariko yimurira umuryango  wiwe mu  gihugu ca Suéde .

Bikavurwa ko yashoboye kugirirwa ikigongwe na Staff y’Intamba mu rugamba kugira aze kwifadikanya n’abandi mu rukino rugiye guhuza Uburundi na Namibie ruzoba igenekerezo rya 20 Ruheshi 2023 i Dar es Salaam ku kibuga ca Mkapa .

Nsabiyumva Frédéric akaba ari umwe mu ba myugariro beza b’umurwi nserukira gihugu Intamba mu rugamba , muri kino gihe asanzwe akina mu murwi wo mu cicaro ca kabiri mu gihugu ca Suéde witwa Vasteras SK.

Mwomenya ko uwo mukinyi asanzwe ari icegera ca gatatu ca Kizigenza w’Intamba mu rugamba .

What's your reaction?

Related Posts

1 of 1,904