abakinyi bakina hanzekirundikirundi_Sports

# Indundi Sports | Haraye huguruwe umwaka w’ihiganwa ry’urukino rwa Teqball

Mu Burundi haraye huguruye ihiganwa ry’umwaka ry’urukino rwitwa Teqball .

Hari kuri uwu w’Imana igenekerezo rya 19 Ruhuhuma 2023 , isaha zine zo mugitondo (10h) kuri Olympafrica mu Kanyosha , aho hari haramutse hugururwa umwaka w’ihiganwa ry’urukino rwa Teqball mu Burundi .

Yamuremye Vital  umunyamabanga mukuru w’ishirahamwe Teqball mu Burundi , avuga ko batunganije iryo higanwa kuri uwo musi kugira baryugurure ku mugaragaro muri uno mwaka wa 2023.

Vital asubira kandi avuga ko baravye aho batanguriye gushika muri kino gihe bageze ku ntambwe ishimishije cane .

Akaba yavuze  kandi ko intambamyi bagenda bahura nazo,  ari nk’ukubura uburyo kuko nko mu mwaka uheze 2022 basivye mu mahiganwa mpuzamakungu y’igikombe c’isi yabereye  mu budagi ku mvo z’uburyo  .

Nayo Salomon igiraneza umwe mu bakinyi  bakiri bato bakina urwo rukino , avuga ko urwo rukino yarutanguye kuva mu mwaka wa 2020 gushika muri kino gihe .

Nayo ngo ivyo amaze kwunguka  ni vyinshi kuko yashoboye kuharonkeramwo abagenzi , gutembera hagati mu gihugu n’ahandi …

kuvyerekeye intambamyi bagenda bahura nazo ni nk’ umwanya wo kwimenyereza bivanye n’uko bamwe bamwe ari abamenyeshure hamwe n’uburyo .

What's your reaction?

Related Posts

1 of 657