abakinyi bakina hanzefootballintamba murugambakirundi_Sports

#Indundi Sports| Hussein Tchabalala yatanguye kwinjiza ibitsindo mu Rwanda

Umukinyi Hussein Shabani batazira Tchabalala yatanguye kwinjiza ibitsindo mw’ihiganwa ryo mu gihugu c’Urwanda

Kuri uyu w’Imana igenekerezo rya 02 Gitugutu 2022, ihiganwa ryo mu Rwanda ryari ryabandanije kundwi yaryo igira 4 , umugwi Rutsiro Fc umenyerezwa n’umurundi Ferouz Haruna wari wakiriye umugwi As Kigali ukinamwo abarundi babiri aribo Hussein Shabani Tchabalala hamwe na Landry Ndikumana.

Urwo rukino rwarangiye Rutsiro Fc itsinzwe na As kigali ibitsindo 2-1 , umukinyi Hussein Shabani Tchabalala niwe yinjije igitsindo ca 2 ca As Kigali ari naco cahaye amanota atatu uwo mugwi.

Mwomenyako abo bakinyi babiri b’abarundi bose bari ku rutonde rw’abakinyi 11 ba As Kigali batanguye mu kibuga ku ruhande rwa As Kigali.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 318