DiasporahomepageJusticekirundikirundi_SportsMédiasWorld News

Iddy Faty yamaze kurekurwa

Mutoyi wa nyakwigendera Papy Faty ariwe Iddy Faty yamaze kurekurwa.

Iddy Faty akaba yari yapfunzwe kuva kw’igenekerezo rya 7 Rusama uwu mwaka apfungirwa mu gisagara ca Johanesbourg muri Afrika y’epfo bamukuye ku kibuga c’indege aho vyavuzwe y’uko atari akwije impapuro zamwemerera gufata indege yari kumuzana mu Burundi.

Yamara Iddy Faty akaba yarabihakanye aho yavuze y’uko yibagiriye impapuro ziwe mw’isakoshi ya mwene wabo wewe yari amaze kwinjira mu ndege ku buryo atakuntu yari kumuhamagara niho guca bamufata nk’umubeshi babona guca bamuta mu mvuto.

Iddy Faty urugendo rwiwe rwaciye ruhagarira ngaho mugihe vyategerezwa ko azanana n’ikiziga ca mukuruwe ntiyaba akije kumushingurana iteka.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 875