DiasporahomepageJusticekirundikirundi_SportsMédiasWorld News

Ikibazo c’ugukina ca Mohammed Amissi mu rukino rwa Madagascar kiracagoranye

Umukinyi Mohammed Amissi ashobora gukina urukino rwa Madagascar canke ntarukine.

Mu rukino rwo kw’ igenekerezo rya 22 Ruheshi umwaka wa 2019 aho u Burundi buhura na Nigeria mu nkino za CAN 2019 mw’itsinda B aho Nigeria yatsinze 1-0, umukinyi Mohammed yinjiye ku munota 88 w’urukino ariko ntakintu na kimwe yavuye mu kibuga yerekanye bivanye n’iminota yahawe.

Munyuma y’urwo rukino Mohammed  yahavuye ajanwa mu bitaro aremvye kuko yari afise ubushuhe bwinshi hamwe no kumeneka umutwe.

Kuva kuri uwo musi Amissi ntarahonyoza ikirenge mu kibuga, ivyo bikaba bishobora gutuma umumenyereza mukuru Alain Olivier Niyungeko adashobora gukinisha umukinyi atariko akora imyimenyerezo n’abandi.

Ku makuru Indundi Sports yakuye i Alexandrie uwo mukinyi ashobora gutangura imyimenyerezo bishobotse kuri uno wa gatatu.

Ntawuramenya ko umumenyereza mukuru ashobora kufata ingingo yo kumukinisha mu rukino rwo ku musi wa kane igenekerezo rya 27 Ruheshi ruzohuza Intamba mu rugamba hamwe na Madagascar canke ntamukinishe vyose bizova kuri Alain Olivier Niyungeko afata ingingo ya nyuma amaze guhabwa uruhusha n’abaganga.

Gushika muri kano kanya ntawuramenya indwara uwo mukinyi yoba arwaye, tukaba tugiye kubatohoreza neza ingwara uyo mukinyi yoba arwaye .

What's your reaction?

Related Posts

1 of 875