footballintamba murugambakirundi_Sports

#Indundi Sports| Ikibuga c’intwari kizoba gisakaye ku mpande zibiri

Impande zibiri z’ikibuga c’intwari zizosakarwa izindi mpande zibiri ntizizosakarwa ni ukuvuga ahazosakarwa ni hahandi hahora ubwugamwo bw’iteka hamwe no kuri rurya ruhande ruriko ibiro vy’ishirahamwe ry’umupira w’amaguru mu Burundi FFB.

Ivyo bikaba vyashikirijwe na Ingenieur Methode Ndikumagenge asanzwe ariwe ahagarariye ibikorwa vyo kwubaka ico kibuga .

Ico kibuga c’intwari kiriko cubakwa gushasha kugira kize gikwize amategeko ya CAF na FIFA gutyo kize kirakira inkino mpuzamakungu.

Ico kibuga kizoba gifise vyose aho twovuga nk’ibibanza vyo kwicara atanumwe ahagaze, ububiko bw’imiduga ( Parking) , ibibanza vy’ubudandaji , ubunywero n’uburiro , Vestiaire zine n’ibindi hamwe na Piste yo kwiruka.

Ico kibuga c’intwari kandi kizoba kirimwo intebe hose kandi kizoba gifise amabara aranga igihigu c’Uburundi. Ikindi nta n’umwe yemerewe guca mu kibuga, kugira abantu binjire bazohora babanza guca hejuru kugira bashike mu bibanza vyo kwicaramwo kuko hazoba hameze nk’igorofa ni ukuvuga hazoba hariko ingazi zishika kuri indwi.

Ku vyerekeye amakenga y’abantu bafise y’uko bashobora kucubaka nabi bivanye n’uko ata muhinga wa FIFA aba ariko agikurikiranira hafi ku musi ku musi , Ingenieur Ndikumagenge Méthode avuga y’uko buri misi itatu bahora bavugana n’abajejwe CAF canke FIFA kugira ntibaze barihenda mu kucubaka.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 315