CAN2019footballgroups-at-messageInfrastructuresInkinointamba murugambakirundi_Sportsprimus ligueSport

Intamba-fans bagiye kwunamira nyakwigendera Perezida Petero Nkurunziza

Kuri uyu wa gatatu igenekerezo rya 24 Ruheshi 2020, niho abafana b’intamba mu rugamba bari bishikiye kuri Maire nkuru ya Bujumbura gutera umukono mu gitabo c’iteka mu gutera iteka no kwunamira nyakwigendera yahoze ari umukuru w’igihugu c’Uburundk Petero Nkurunziza.

Abo bakunzi b’intamba mu rugamba bama bashigikira umugwi nserukira gihugu igihe cose uba wakinye n’uwundi mugwi .

Mukamenya y’uko nyakwigendera Perezida Petero Nkurunziza yitavye Imana igenekerezo rya 08 Ruheshi 2020, akazoshiguranwa iteka kuri uyu wa gatanu igenekerezo rya 26 Ruheshi 2020, mu ntara ya Gitega ku mugwa mukuru wa Poritike.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 327