abakinyi bakina hanzefootballIKIRUNDI_newsInkinointamba murugambakirundi_Sports

# Indundi Sports | Intamba mu rugamba zaraye zirahiye Djibouti

Umugwi nserukiragihugu w’Uburundi Intamba mu rugamba w’abakinyi bakina mu gihugu waraye uvyifashe neza mu gutsinda Djibouti .

Hari kuri uyu w’Imana igenekerezo rya 24 Mukakaro 2022 , aho umugwi nserukira gihugu Intamba mu rugamba wari wakiriye umugwi nserukira gihugu wa Djibouti ku kibuga Benjamin Mkapa kiri mu gisagara ca Dar es Salaam mu gihugu ca Tanzania, mu rukino rwo gutangura mu kurondera itike ryo kwitabira inkino zanyuma z’abakinyi bakina mu bihugu vyabo ryitwa CHAN .

Intamba mu rugamba nizo zatanguye kwinjiza igitsindo biciye kuri Muderi Akbar ku munota wa 12 w’urukino , gica kiragomborwa ku munota 35 na Samuel baca bagenda kuruhuka ari igitsindo 1-1.

mu gice ca kabiri abakinyi barashoboye kwumva impanuro z’umumenyereza baraza bazikenyeye barasatira umugwi wa Djibouti gushika ku munota wa 77 Urasenga Danny Cedric Kagabo aronka igitsindo ca Kabiri iminota 90 irangira Uburundi bwirahiye Djibouti 2 kuri 1.

Urukino rwo gusubiriza rukaba ruzoba ku musi wa Gatanu igenekerezo rya 29 mukakaro isaha Icenda mu masaha y’i Bujumbura ku kibuga ca Benjamin Mkapa kiri mu gisagara c Dar es Salaam.

 

What's your reaction?

Related Posts

1 of 321