homepageIKIRUNDI_newsInkinointamba murugambakirundikirundi_Sports

#Indundi Sports| Intamba mu rugamba zigiye gukina inkino zibiri za kivandimwe

Umugwi nserukira gihugu w’Uburundi Intamba mu rugamba ugiye gukina inkino zibiri za kivandimwe muri uku kwezi kwa Ntwarante.

Urukino rwa mbere Intamba mu rugamba izokina na Bahrein i Manama igenekerezo rya 26 Ntwarante 2022, mugihe urukino rwa kabiri intamba mu rugamba izohura na Libéria i genekerezo rya 29 Ntwarante 2022 , i Antalya mu gihugu ca Turky .

Gushika ubu nta rutonde rw’abakinyi bazokwitabira urwo rukino ruraboneka ariko amatwi adusumira ni uko abakinyi bose bazokwitabira izo nkino basa nk’abamaze kurungikirwa ubutumire mu migwi yabo.

Mwomenya y’uko Intamba mu rugamba zaheruka gukina urukino rwa kivandimwe mu kwezi kwa Munyonyo mu mwaka wa 2022 n’umugwi wa Myamnar.

 

What's your reaction?

Related Posts

1 of 884