homepageComediesintamba murugambakirundikirundi_SportsYvan muziki

Intamba mu rugamba zigiye gutana mu mitwe na Aigle Noire

Umugwi nserukiragihugu w’intamba mu rugamba ngo ugiye gutana mu mitwe n’umugwi Aigle Noire mu rukino rwa kivandimwe.

Nk’uko biherutse gushikirizwa na Honorable Reveriyano Ndikuriyo asanzwe aramutswa ubuyobozi bw’ishirahamwe ry’umupira w’amaguru mu Burundi inyuma y’aho umugwi Aile Noire utsindiye Rukinzo FC mu rukino rwa nyuma rw’ihiganwa ry’igikombe citiriwe umukuru w’igihugu, vuba uwo mugwi ngo ugiye gutana mu mitwe n’umugwi nserukiragihugu intamba mu rugamba mu rukino rwa kivandimwe.

Honorable Ndikuriyo akaba yashikirijeimbere y’abamenyeshamakuru y’uko urwo rukino rutegekanijwe kuzoba kw’igenekerezo rya 31 Rusama uwu mwaka, rukazobera ku kibuga citiriwe umuganwa Rudoviko Rwagasore.

Kwinjira kuzororera urwo rukino ngo akazoba ari amafaranga y’amarundi ibihumbi bitanu ku muntu uwariwe wese.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 884