homepageComediesintamba murugambakirundikirundi_SportsYvan muziki

Intamba U20 zigiye kwitabira ihiganwa ryo muri Afrika “Jeux Africains”

Umugwi nserukira gihugu w’intamba mu rugamba w’abatarenza imyaka 20 ugiye kwitabira ihiganwa ryo muri Afrika “Jeux Africains”.

Kuri uyu wa gatanu igenekerezo rya 17 Rusama umwaka wa 2019, niho hamenyekana y’uko ishirahamwe ritwara umupira w’amaguru muri Africa CAF ryahinduye amategeko arigenga, kuko mu bisanzwe vyari bitegekanijwe y’uko ihiganwa rya Jeux Africain ryojamwo ibihugu vyashoboye kuronka itike ya CANU23 yamara bikaba bitakunze kuko inkino za nyuma zotumye haboneka iyo migwi ya U23 zungururijwe mu kwezi kwa Nyakanga kubera inkino za CAN 2019 za Senior zimirije kuzoba mu gihugu ca Egiputa.

Ishirahamwe ritwara umupira w’amaguru muri Afrika CAF rikaba ryaciye rifata ingingo z’uko imigwi nserukira gihugu yose y’abatarenza imyaka 20 yahora muri AFCON 2019 yabereye muri Niger yoca isubirayo yose ikaba ariyo ikina izo nkino .

Intamba U 20 zikaba zatomboreyemwo n’iyindi migwi yose itari yaronse amahirwe yo kwitabira izo nkino za Jeux Africains y’abatarenza imyaka 20 nka Africa y’epfo, Ghana, Mali, Sénegal, Nigeria , Burkina Faso, hamwe na Maroc izokwakira iryo higanwa.

Ishirahamwe CAF rikaba ryasavye y’uko ibihugu bishaka kwitabira ayo mahiganwa yorungika urwandiko rwemeza y’uko bazokwitabira izo nkino imbere y’igenekerezo rya 20 Rusama umwaka wa 2019.

Yamara gushika ubu akaba atawuramenya y’uko ishirahamwe ry’umupira w’amaguru mu Burundi FFB ryoba rirarungika ikete ryemeza y’uko Uburundi buzokwitabira izo nkino za Jeux Africains. Ni inkuru tubandanya tubatohoreza.

Mukamenya y’uko ayo mahiganwa ya Jeux Africains azotangura hagati y’amagenekerezo ya 19 na 31 Myandagaro uwu mwaka turimwo w’2019 kazobera mu gihugu ca Maroc.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 884