DiasporahomepageJusticekirundikirundi_SportsMédiasWorld News

Intamba zaraye zitsinzwe na Tunisia

Kuva mu mwaka wa 2018 Intamba mu rugamba ntizari bwatsindwe.

Kuri uyu wa mbere waraye uheze igenekerezo rya 17 Ruheshi umwaka wa 2019 i Tunis ku kibuga ca Rades niho umugwi wa Tunisia wari wakiriye umugwi w’intamba mu rugamba mu rukino rwa kivandimwe urwo rukino rukaba rwaraye rurangiye umugwi wa Tunisia utsinze intamba mu rugamba ibitsindo 2-1.

Tunisia niyo yatanguye gutsinda igitsindo ku munota wa 67 gitsinzwe na Yasine Khenissi hama kiragomborwa na Cédric Amissi ku munota wa 76 w’urukino Tunisia yabandanije isatira intamba mu rugamba iza kuronka igitsindo ca kabiri ku munota wagasunuzo wa 93 w’urukino cinjijwe n’uwitwa Naim Slit birangira intamba zitsinzwe ibitsindo 2-1.

Kuva mu mwaka wa 2018 intamba mu rugamba ntizari bwatakaze urukino na rumwe ahubwo zagumye zinganya incuro nyishi gusumba gutsindwa.

Inkino zo kurondera itike ya CAN intamba zaranganije inkino 4 zitsinda inkino 2 hama mu nkino za kivandimwe intamba mu rugamba zatsinze urukino rumwe zinganya rumwe zitsindwa rumwe.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 875