abakinyi bakina hanzefootballintamba murugambakirundi_Sports

# Indundi Sports | Inyuma ya Stade intwari hazoba hariho agasho ko gafungiramwo abazana akajagari

Ikibanza cahora gikinirwako inkino zo guterana imyereka ( Judo) kiri inyuma y’ikibuga c’Intwari hazoshirwako agasho ko gupfungiramwo abantu .

Ivyo bikaba vyaraye bishikirijwe ku musi wa gatandanu igenekerezo rya 08 Ndamukiza 2023 n’uwurongoye umurwi ujejwe kwubaka ikibuga citiriwe Intwari akongera akaba na Président d’honneur wa FFB Honorable Révérien Ndikuriyo .

Hampande y’ivyo honorable Révérien Ndikuriyo yavuze ko mu misi iri mbere uruhande rw’ubwugamwo bw’iteka bugiye gusakarwa n’abanye Turikiya .

Mwomenyako ico kibuga kizoba gifise imboneshakure niniya zerekana ingeke imirwi yatsindanye hamwe n’izindi zerekana amatangazo atandukanye .

What's your reaction?

Related Posts

1 of 321