abakinyi bakina hanzefootballhomepageintamba murugambakirundi_Sports

# Indundi Sports | Ismail Nshimirimana yaraye atumye Kiyovu yiyongera amahirwe yo gutahukana igikombe

Umukinyi wo hagati w’Intamba mu rugamba Nshimirimana Ismail batazira Pitchou yaraye akuye umurwi wa Kiyovu Sports kure .

Hari kuri uyu w’Imana igenekerezo rya 07 Rusama 2023 , aho umurwi wa Musanze wari wakiriye umurwi Kiyovu Sports mu rukino rw’indwi igira 28 y’ihiganwa rikuru ryo mu Rwanda .

Urwo rukino rwarangiye Kiyovu Sports itsinze bigoranye cane Musanze igitsindo 1-0, ico gitsindo ca Kiyovu cinjijwe na Nshimirimana Ismail Pitchou kare kuko hari ku munota wa 3 w’urukino.

Ismail Nshimirimana batazira Pitchou hamwe na Bigirimana Abedi ni abakinyi b’Intamba mu rugamba bariko bafasha cane Kiyovu Sports kuvyitwaramwo neza .

Mwomenyako Kiyovu Sports isabwa amanota 4 gusa kuri 6 kugira ubashe gutwara igikombe c’ihiganwa rikuru ryo mu gihugu c’Urwanda .

What's your reaction?

Related Posts

1 of 851