CAN2019footballgroups-at-messageInfrastructuresInkinointamba murugambakirundi_SportsNigeriaprimus ligueprimusic-burundiSport

Jimmy yanezerejwe n’igikombe aca atubwira abamufashije kugitwara

Kuva agitangura akazi ko kumenyereza ni ubwa mbere Jimmy Ndayizeye atwaye igikombe ca Primus league Burundi. Akiri muri Academic Tchité yaratahukanye igikombe bita confédération kigereranywa na coupe du président akaba yatsinze Lydia Ludic kimwe ku busa ku gitsindo cinjijwe na Corneille batazira Baros.

Ku musi wa gatandatu uheze, igenekerezo rya 20 Ruheshi 2020, niho umugwi Messager Ngozi watahukana igikombe ca Primus league c’ihiganwa ry’umwaka wa 2019 ushira uwa 2020 , Messager Ngozi yatsinze Inter Star ibitsindo 3 ku busa, ivyo rero vyatumye uyo murwi wo mu ntara ya Ngozi uhabwa igikombe mu gihe wari ugisigaje urukino rumwe rwa nyuma ngo urangize ihiganwa.

Kuri uyu wa gatatu igenekerezo rya 24 Ruheshi , Olympic Star y’i Muyinga yakiriye abakeba babo b’i Ngozi ba Messager bica birangira umurwi wa Jimmy Ndayizeye utsinze bitatu kuri bibiri.

Umumenyereza w’umugwi Messager Ngozi Jimmy Ndayizeye akaba yaranezerejwe n’ico gikombe ciwe yatahukanye muri Primus ligue acatubwira n’abamufashije kugitwara.

Jimmy Ndayizeye avuga y’uko ihiganwa ryo muri mwaka ritari ryoroshe kuko hageze n’igihe usanga ari imigwi 4 yose iriko irwanira igikombe ariko munyuma bagiye kugihiganirwa na Musongati Fc gushika ihiganwa rirangiye .

Akaba yagize ati” ihiganwa ryo muri uno mwaka ntiryari ryoroshe kuko hageze n’igihe usanga ari imigwi 4 yose niyo yariko ihiganirwa igikombe ariko munyuma twagiye kugihiganirwa twe na Musongati gushika turangize novuga y’uko ari ihiganwa ritari ryoroshe “

Yabandanije ati: ” ndashimira ingene abakinyi banje bashoboye kwitwara kuva mu ntango gushika kuri iyi ntambwe itoroshe twagezeko , ndashimira abarongoye umugwi ingene batubaye hafi, abafana bose tutibagiye uwashinze Academie le Messager Ngozi, nyakwigendera yahoze ari Umukuru w’igihugu Nyenicubahiro Petero Nkurunziza imana imwakire”

Jimmy Ndayizeye akaba ari umukinyi wa kera wa Prince Louis na Kiyovu sports mu Rwanda n’umurwi nserukiragihugu Intamba mu rugamba akaba yatanguye kumenyereza muri 2008 imirwi nka Prince Louis fc , Academic Tchité , Muzinga , Espoir na Bugesera fc mu Rwanda ubu akaba amenyereza Messager Ngozi atwayemwo igikombe.
Mwomenya yuko ari mu mfura zitanu mu bamenyereza zaronse impamyabushobozi nkuru mu kumenyereza Licence A akaba yayironkeye rimwe na Haringingingo Francis Mbaya(Police fc) ,Omar Ntakagero(yamenyereje Intamba) , Michel Tuhabonye (Top junior fc) na Cédric Kaze amenyereza muri académie ya Fc Barcelone i Edmonton muri CANADA.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 329