featured sportfootballgroups-at-messageInkinointamba murugambakirundi_SportsSportsport_promoted

Manager Mutima yahojeje umuryango wa nyakwigendera umukuru w’igihugu c’Uburundi

Manager w’umugwi nserukira gihugu Intamba mu rugamba Mutima Constatin asanzwe aba mu gihugu c’ubwongereza yababajwe n’urupfu rwa nyakwigendera umukuru w’igihugu c’Uburundi yitavye Imana giturumbuka ku musi wa mbere waraye uheze igenekerezo rya 08 Ruheshi 2020, kw’ivuriro rya Cinquantenaire riri I karusi .

Mutima Constatin akaba yahojeje umuryango wa nyakwigendera umukuru w’igihugu ndetse n’abarundi bose babuze Intwari mu gihugu.

Akaba yagize ati ” Ndahojeje umuryango w’umukuru w’igihugu ndetse n’abarundi bose Ku rupfu rw’intwari Nyakwigendera Petero Nkurunziza Imana imwakire mu bwami bwayo “

Abajijwe ico azokwibukirako kuri nyakwigendera Mutima Constatin akaba yishuye ati “nzomwibukira Ku kuntu yashigikira inkino ndetse yubatse n’ibibuga bitari bike mu Burundi, tuzokwama tumwibuka mu mupira w’amaguru”

Mwomenya ko Manager Mutima Constatin yagize uruhara runini mu kuzana abakinyi batari bake kugira baze gukinira Intamba mu rugamba nka Kizigenza Saido Berahino , Elvis Kamsoba , Mohammed Amissi , Gael Bigirimana hamwe na Ramadhan Diamant.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 327