abakinyi bakina hanzefootballintamba murugambakirundi_Sports

# Indundi Sports | Mbirizi Eric yaraye afashije Rayon Sports gutsinda Marine Fc

Umukinyi wo hagati w’Umurundi Mbirizi Eric abandanya avyitwaramwo neza mu gihugu c’Urwanda.

Hari ku musi wa gatandatu igenekerezo rya 01 Gitugutu 2022 aho umugwi Marine Fc wari wakiriye umugwi Rayon Sports mu rukino rw’indwi ya 4 y’ihiganwa rikuri ry’igihigu c’Urwanda, urwo rukino rwarangiye Marine Fc itsinzwe na Rayon Sports ibitsindo 3-2.

Muri ivyo bitsindo 3 harimwo igitsindo ca Mbirizi Eric , ico gitsindo cari ica mbere c’uwo mugwi kikaba cari ico kugombora .

Mwomenyako muri uwo mugwi Rayon Sports udakinamwo Mbirizi Eric wenyene usanzwe ukinamwo uwundi murundi ari nawe kizigenza wa Rayon Sports Ndizeye Samuel nawe nyene yari mu bakinyi 11 batanguye mu kibuga.

Mwokwibuka y’uko uwo mugwi usanzwe umenyerezwa n’abarundi babiri aribo Haringingo Francis Mbaya umumenyereza mukuru hamwe na Niyonkuru Vladmir umumenyereza w’abanyegori.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 321