abakinyi bakina hanzefootballhomepageintamba murugambakirundi_Sports

# Indundi Sports | Menya neza ikibuga ca Jakartah Intamba mu rugamba zizokinirako muri Indonésie

Umurwi nserukira gihugu Intamba mu rugamba witeze gukina urukino rwa mbere kivandimwe n’umurwi nserukira gihugu wa Indonésie i Jakartah muri ico gihugu nyene .

Urukino rwa mbere ruzoba ku musi wa gatandatu igenekerezo rya 25 Ntwarante 2023 mugihe urukino rwo gusubiriza ruzoba igenekerezo rya 28 Ntwarante 2023 .

Ikibuga kizokwakira izo nkino ni ikibuga ca Jakartah , ikibuga kinini ca mbere mu gihugu ca Indonésie kikaca cakira abantu ibihumbi 82,000.

Kino kibuga catanguye kwubakwa mu mwaka wa 2019 kirangira mu mwaka wa 2022 kikaba cuguruwe uwo mwaka nyene .

Ico kibuga kikaba kiri mu bibuga binini biri ku mugabane wa Asia , catwaye uburyo bungana n’imiriyoni 312$ z’amadorari y’amanyamerika.

Uburundi bukaba buri mu kibanza ca 141 ku rutonde rwa FIFA , mugihe Indonésie ifata ikibanza ca 151 bisigura ko Uburundi bugatsindwa na Indonésie bushobora guca bukoroka ibibanza .

What's your reaction?

Related Posts

1 of 851