abakinyi bakina hanzefootballintamba murugambakirundi_Sports

# Indundi Sports | Mohammed ntacitabiriye inkino z’intamba ku bw’imvune

Imvune niyo itumye Mohammed Amissi atitabira inkino zibiri za kivandimwe z’Intamba mu rugamba .

Kuri uyu wa kane igenekerezo rya 09 Ntwarante 2023 , Umumenyereza mukuru w’Intamba mu rugamba Etienne Ndayiragije yaraye ashize ahabona abakinyi 30 azokwifashisha mu nkino zibiri zizobahuza na Kenya hamwe na Indonésie ku ma genekerezo ya 25 hamwe na 28 mu gihugu ca Indonésie.

Muri urwo rutonde harimwo umukinyi wo kuruhande Mohammed Amissi akina mu cicaro ca gatatu mu gihugu ca Portugal mu murwi Uniao de Leiria .

Inyuma y’urwo rutonde Mohammed Amissi yaciye yandika kuri Instagram yiwe ko yagize akabazo gato k’imvune atameze neza ijana kw’ijana kugira ngo aze gukorera igihugu ciwe .

Mohammed akaba yagize ati’’ Kubera akabazo gato k’imvune , simeze neza ijana kw’ijana kugira ngo inze gukorera igihugu canje . ku bw’ivyo nzosuba mu nkino z’igihugu zigiye kuza . ndizera ko nzogaruka mukwa gatandatu gufasha umurwi kuronka itike y’igikombe ca Africa CAN’.’

Mwomenyako Mohammed Amissi ari umwe mu bakinyi b’Intamba mu rugamba bahora batanguzwa mu kibuga .

What's your reaction?

Related Posts

1 of 321