abakinyi bakina hanzefootballintamba murugambakirundi_Sports

#Indundi Sports| Mu bwinjiro bw’ikibuga c’intwari hazoshirwako amazina y’abantu bose baterereye

Amazina y’abantu bose bazoterera kugira ikibuga c’umupira w’amaguru c’intwari cubakwe gushasha azomanikwa ku ruhome.

Ivyo bikaba vyaraye bishikirijwe na Honorable Réverien Ndikuriyo Président d’honneur wa FFB , ku musi wa gatandatu uheze igenekerezo rya 08 Gitugutu 2022 igihe yari yaramutse akorera ibikorwa rusangi ku kibuga c’intwari kigiye gusubirwamwo gushasha kugira kize kirakira inkino mpuzamakungu

Mwomenya ko abamaze guterera muri uwo mugambi wo gusanura ikibuga Intwari ari abashika kuri 20 bakaba bamaze guterera imiriyoni zirenga 300 z’amarundi.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 321