abakinyi bakina hanzefootballintamba murugambakirundi_Sports

# Indundi Sports | Musore Aaron yaguzwe muri Green Eagles yo muri Zambia

Kizigenza w’umugwi Musongati Fc Musore Aaron yamaze kugurwa muri Zambia .

Aaron Musore akaba yaraye ashize mukono ku masezerano yo gukinira umugwi Green Eagles wo mu cicaro ca mbere , umugwi usanzwe wegukira igisirikare co muri Zambia .

Uwo musore yagize ikintu kinini cane yafashije umugwi Musongati Fc mu mwaka w’2020 aho ari mu bakinyi bafashije Musongati Fc  gutwara igikombe c’Umukuru w’Igihugu, akaba yaraye ashize umukono ku masezerano yo gukinira uwo mugwi mu kiringo c’imyaka 2.

Agiye muri uwo mugwi ahasanzeyo uwundi musatirizi w’Umurundi Ulimwengu Jules , bamwe bamwe bavuga y’uko uguhura kwa Musongati Fc na Green Eagles mu nkino za Caf Confederation Cup z’umwaka w’i 2020 bishobora kuba vyatumye uwo mugwi wipfuza cane uwo mukinyi bivanye n’uko yavyitwayemwo.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 321