Burundihomepageintamba murugambakirundikirundi_Sports

“Mutombola hoshiii, Mutombola gooo! Niyirukanwe!”.

Kuri uyu wa kabiri waraye uheze igenekerezo rya 19 Munyonyo 2019, umugwi nserukira gihugu w’intamba mu rugamba wari wakiriye umugwi nserukira gihugu wa Maroc mu rukino rwa kabiri rwo kurondera itike yo gukurakuranamwo yo kurondera itike yo kwitabira inkino za CAN 2021 izobera muri Cameroun.

Intamba mu rugamba zikaba zaraye zimaramajwe i Bujumbura mu gutsindwa ibitsindo 3-0 na Maroc ivyatumye abakunzi b’umupira w’amaguru biyamiriza umumenyereza w’intamba mu rugamba Alain Olivier Niyungeko bavuga y’uko batakimukeneye mu ntamba mu rugamba abandi bakanavuga y’uko batazosubira kurorera inkino z’umugwi nserukira gihugu w’intamba mu rugamba mugihe Olivier Niyungeko azoba ariwe akimenyereza uwo mugwi.

Baririmba bati “Mutombola Hoshiii, Mutombola Hoshiii , Mutombola Gooo , Umumenyereza yatuzaniye abakinyi b’uburofa”.

Abandi nabo baguma bakorora amosozi bavuga bati :

” Dushaka Mutombola atange imihoho niwe yatsindishije umugwi turababaye imitima ntituzosubira mu kibuga Mutombola adahinduwe ataraho nta mufana azogaruka kuri Stade kubera dufise abakinyi ariko ntazi ingene abapanga mu kibuga”

Gutsindwa na Maroc vyatumye Uburundi bufata ikibanza ca nyuma, amanota ubusa hamwe n’umwenda w’ibitsindo bitanu.

Yamara naho bimeze uko, kuva Alain Olivier Niyungeko ahawe amabanga yo kumenyereza umugwi nserukira gihugu w’intamba mu rugamba mu mwaka wa 2017 uyo mumenyereza ntiyari bwigere atsindirwa ku kibuga c’intwari.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 891