abakinyi bakina hanzefootballhomepageintamba murugambakirundi_Sports

# Indundi Sports | Ndayishimiye Mike Tresor ashobora gukinira Uburundi

Umukinyi w’Umurundi afise se amuvyara w’ Umurundi akagira nyina wiwe akaba umunyarwandakazi ubu ashobora gukinira igihugu c’Uburundi.

Umurwi nserukira gihugu w’Ububirigi ni wareka gutumako Ndayishimiye Mike Tresor mu kwezi kwa Ruheshi , uwo mukinyi azoca ahitamwo gukinira igihugu c’Uburundi .

Ivyo bikaba vyemezwa  na zimwe mu ndongozi z’ishirahamwe  ry’umupira w’amaguru mu Burundi FFB hamwe na Manager w’Intamba mu rugamba Mutima Constantin uyo wewe iyo nkuru yayemeje 100% .

Ibiriko bivurwa ko uwo mukinyi ashobora gukinira igihugu c’Urwanda ari naco  Nyina wiwe asanzwe avukamwo ngo  sivyo na gato .

Uwo mukinyi mu misi iheze yatowe nk’umukinyi mwiza w’umwaka wa 2023 w’umwirabure yavyitwayemwo neza mw’ihiganwa ryo mu cicaro ca mbere mu Bubirigi , mbere no mu kiganiro yakoze inyuma yo gutahukana ako gashimwe yavuze ko ari Umurundi wa mbere atahukanye ako gashimwe .

 

Mwomenya ko Ndayishimiye Mike Tresor afise Se azwi kw’izina Ndayishimiye Fredy yigeze kuba umukinyi akomeye cane w’Intamba mu rugamba .

What's your reaction?

Related Posts

1 of 851