abakinyi bakina hanzefootballintamba murugambakirundi_Sports

# Indundi Sports | Ndayishimiye Mike Tresor yatanguye kuronderwa n’imirwi yo mu bwongereza

Ubuhinga Ndayishimiye Mike Tresor ariko yerekana mw’ihiganwa ryo mu cicaro ca mbere mu Bubirigi Jupiler -Pro ari kumwe na Genk nivyo biriko bituma imirwi yo mu bwongereza itangura kumurondera .

Mike Tresor Ndayishimiye umurundi asanzwe afise ubwenegihugu bw’Ububirigi yatanguye kurondera n’imirwi yo mu bwongereza nka Nottingham Forest , Banley , Wolves , Leicester, Brighton hamwe na Benthford . ariko umurwi uriko ushiramwo inguvu cane zo kumurondera mbere ushobora kumutabukana mw’ihiganwa ry’umwaka uza Nottingham Forest kuko bivurwa ko umaze no kurungika umuntu mu Bubirigi mu ntumbero yo gukurikirana uwo mukinyi .

Mike Tresor asanzwe afitaniye amasezerano na Genk gushika mu mwaka wa 2025 , akaba amaze kuyitsindira ibitsindo 7 atanga n’imupira 18 imaze kuvyara ibitsindo.

Mike Tresor Ndayishimiye yari afise icizere ko azotumwako mu murwi nserukira gihigu w’Ububirigi w’abakuze ariko gushika ubu ico gihugu kitaramuhitamwo .

Vyavurwa ko uwo mukinyi adahamagawe mu murwi nserukira gihugu w’Ububirigi w’abakuze azoca ahitamwo gukinira igihugu ca Se wiwe Uburundi , ari navyo Abarundi bakirindiriye .

Mukibuka y’uko Ndayishimiye Mike Treosor w’imyaka 23 amaze gukinira Umurwi nserukira gihugu w’Ububirigi w’abatarenza imyaka 21.

Mwomenya ko uwo mukinyi n’igihigu c’Urwanda kiriko kiramurondera bivanye n’uko ariho nyina wiwe asanzwe avuka .

What's your reaction?

Related Posts

1 of 321