homepageInkinointamba murugambakirundikirundi_Sports

Ndikumana Selemani agiye gukinira KMC

Uwahoze ari kizigenza w’umugwi nserukira gihugu w’intamba mu rugamba mu myaka iheze Ndikumana Selemani agiye gukinira umugwi wa KMC wo mu gisagara ca Dar es salaam muri Repubirika yunze ubumwe ya Tanzania.

Ayo masezerano yo gukinira uyo mugwi akaba ayagize inyuma yo kuvavanura n’umugwi Azam Fc hakaba no kwumvikana ku mpande zompi mbere n’uyo mugwi uranamwipfuriza urugendo rwiza mu kazi kiwe.

Uyo yahoze ari kizigizenza w’intamba mu rugamba Ndikumana Selemani yarakiniye intamba mu rugamba ikiringo c’imyaka 14 aranawufasha kwitabira inkino za CAN naho munyuma atahavuye akina iryo higanwa rya CAN bivanye n’ukutumvikana hagati yiwe n’umumenyereza w’intamba mu rugamba Alain Olivier Niyungeko ivyahavuye bituma akurwa mu bakinyi bari gukina CAN 2019 hasigaye imisi 3 gusa kugira Uburundi bwitabire izo nkino.

Muri uwo mugwi KMC akaba agiye kuhakina ahasanga abandi barundi bagenziwe nka Ndikumana yussuf Lule hamwe n’umunyegori Nahimana Jonathan.

Selamani akaba ari umukinyi wa mbere w’Uburundi amaze gukina mu migwi itari mike yo muri Africa, Asia hamwe na Europe.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 884